Ububasha bw' amashuha mu vyiyumviro vy' Abarundi ba kera itohoza ryabereye mu Giheta


Item type | Current location | Call number | Copy number | Status | Date due | Barcode |
---|---|---|---|---|---|---|
![]() |
Bibliothèque Centrale | 628.112.HAV. (Browse shelf) | 1 | Not For Loan | 5010000155919 |
Mémoire présenté et défendu publiquement en vue de l' obtention du grade de " Licencié en langues et Littératures aficaines"
RESUME (INCAMAKE)
Iki gikorwa kigizwe n'intangamarara muri rusangi hamwe n'ibigabane bitatu ari vyo vy'ibi :
Ikigabane ca mbere : Amazi muri rusangi
Ikigabane ca kabiri : Amashuha ni iki ?
Ikigabane ca gatatu : Ugushikiriza ivyavuye mw'itohoza.
Mu ntangamarara muri rusangi harimwo insiguro nkikiro y'icigwa catumye dukora igikorwa, intumbero y'igikorwa, ibibazo nyamukuru bigize igikorwa, ihangiro, ubuhinga bugize itohoza, aho iri tohoza rigarukira, uguhwebutsa ivyorongora iki gikorwa, inkuru n'ubuhinga bwo kuzegeranya, abatanze inkuru.
Ikigabane ca mbere kirimwo amazi ico ari co, amazi ingene yibonekeza, ingene twoyatunganya, amazi aho tuyasanga.
Mu kigabane ca kabiri turadondora amashuha, tukavuga aho amashuha ava, ibiyaranga, ibivugwa ku mazi y'amashuha yo mu giheta, akaranga k'amashuha ufatiye ku bihe, ibibanza dukunda kuyasangamwo, ingene bitegurira kugenda kuyota, ingene bayota, insiguro yo kwota amashuha. Turavuga kandi abayatunganya n'indwara avura.
Mu kigabane ca gatatu, aho dushikiriza ivyavuye mw'itohoza, turadondora abatanze inkuru, hanyuma twarerekanye inyishu bishura ku bibazo bikuru bikuru. Twarashizemwo kandi abatanze inkuru bose n'inyishu batanze ku bibazo vyose uko bazishura.
Mu gusozera twarashikirije ivyogirwa kugora ayo mazi agirire akamaro igihugu n'abene gihugu, tuca turerekana ikarata y'aho dusanga ayo mazi.
There are no comments on this title.