Bienvenue au Catalogue en Ligne des Bibliothèques de l'Universite du Burundi

Icibare c'umuganuro co mu Burunga n'imiryango yahagerereye Itohoza ryabereye muri Komine Gishubi intara ya Gitega

Published by : Université du Burundi, Faculté des lettres et sciences humaines, département de langues et littératures africaines (Bujumbura) Physical details: VIII-72 f. 30 cm. Year: 2018

Mémoire présenté et défendu publiquement en vue de l'obtention du grade de Licencié en langues et Littératures Africaines

RESUME,

Icibare c'umuganuro co mu Burunga kiri muri komine Gishubi, mu ntara ya Gitega, mu ntara kama ya Kirimiro. Amazina y'uturere, y'imyonga n'amasoko y'amazi yo mu Burunga afise insiguro za kera zitwereka ingene utwo turere twari tumeze, ivyahamera n'ikibobo vyaharangwa muri kahise. Turerekana imyonga n'amasoko tuhasanga, ubwoko bw'ibikoko biharangwa, ibiterwa bihamera, ibibanza vyubahwa n'ibibanza bitunywa.
Ku vyerekeye imiryango y'abantu yagerereye mu cibare c'umuganuro co mu Burunga twasanze hagerereye imiryango itandatu: Umuryango w'abaragane, uw'abarazi, uw'abaragura, uw'abacuzi, uw'abashubi n'uw'ababanda. Ayo mazina yose y'iyo miryango arafise iyo yazananye n'ico yavuyeko: hari ayava ku bikorwa bakora, hari ayava ku mihingo bamukamwo, hari kandi n'ayava kuri ba sekuruza babo.

Imiryango yagerereyo mu cibare c'umuganuro co mu Burunga, yari ifise amateka: yari ifise imiziro, ibimazi, ikagira amabanga n'amabango ayegukira.
Ku vyerekeye imiziro, hari imiziro yari yisangijwe n'umuryango umwumwe, hakaba kandi n'imiziro twasanze bose umengo barahuriyeko.
Ku bijanye n'ibimazi, hari imiryango yari ifise ibimazi n'iyindi itigeze ibifita.

Icibare c'umuganuro co mu Burunga cari gifise uruhara rudasanzwe mw'itegurwa ry'umuganuro. Mu ntéguro yawo, hari imryango yaba ijejwe amabanga atandukanye. Umuryango w'Abarazi ni wo wategura umuganuro. Abo nabo nibo bavamwo umuganuza mukuru yitwa Mwezi w'i Burunga.

Kubera iki gikorwa kiterekana vyose, dusaba abandi batohoji ko boja muri ako karere, bagatohoza umuryango umwumwe ku buryo bwiharije. Turasaba kandi reta, ko yoterera mu gukingira no mu kubungabunga ico kibanza kuko vyogirira akamaro igihugu ndetse n'abanyaburuga ubwabo.

There are no comments on this title.

to post a comment.
© 2019-2025 - Bibliothèques de l'Université du Burundi |Tous droits réservés
home | Contact nous | tel : +25779204313