BIBLIOTHEQUES DE L'UNIVERSITE DU BURUNDI


Catalogue en Ligne des Bibliothèques de l'Universite du Burundi

Umuryango w' abazibira wo muri komine Burambi : amamuko, imico n' imigenzo yawo

Published by : Université du Burundi, Faculté des lettres et des sciences humaines (Bujumbura) Physical details: XIII-115 f. 30 cm. Year: 2013

Mémoire présenté et soutenu publiquement en vue de l' obtention du grade de: Licencié en Langues et Littératures Africaines

Iki cigwa gihagaze ku muryango w'Abazibira wo muri Komine Burambi.
Iki cigwa rero kigizwe n'ibigabane bine :

Ikigabane ca mbere kigizwe n'intangamarara. Harimwo inzira z'itohoza zigizwe n'ubwoko bw'itohoza hamwe n'imihingo y'itohoza. Amahangiro twihaye na yo akaba ari kumenya amamuko y'umuryango w'abazibira, imico n'imigenzo yabo hamwe n'abasekuru rurangiranwa.

Ikigabane ca kabiri kidondora umuryango w'abazibira ico ari co.
Twasanze izina ry'umuryango w'abazibira ryamuka kuri sokuruza w'umuryango yitwa Kizibira. Yoba yava mu ntara ya Mwaro Komine Kayokwe. Naho twakoze ico cigwa, twifuza ko ivyigwa nk'ivyo vyobandanya. Muri ico kigabane nyene, turavuga amamuko y'umuryango w'abazibira wo muri Komine Burambi. Uwo rero ukaba uva muri Komine Mugamba, Buyengero no mu ntara ya Bujumbura muri Komine ya Muhuta. Waja kugerera i Burambi urondera amatongo yagutse kandi amera.

Ikigabane ca gatatu kidondora imico n'imigenzo y'umuryango w'Abazibira. Hari imiziro ijanye n'abantu nko kudasabana abageni hagati y'Abazibira no kudashingira umwana, iyijanye n'inyamaswa nko kutarya impongo uri mugore no kutarya ifi y'imbuka mu kwanka guhumana, iyijanye n'ibiti n'ibiterwa nko kudacana igiti cakubiswe n'inkuba no kudacana igiti c'umusendabazimu. Hari ibibanza batinya nko kuticarika umwana ku mugina canke kuwubakako. Harimwo kandi ubumenyi n'ubuhinga bw'umuryango w'Abazibira. Mu bijanye n'ubumenyi, hari ubwerekeye ijuru n'isi nk'isake ibitse mu mutwenzi canke ikinyenyeri citwa shingabuce giserutse bamenya ko bugira buce. Hari ubujanye n'ibiti n'ibiterwa. Igiti c'umukoni n'umutoza cakoreshwa mu gutuza amafuku. Hari ubujanye n'ubuvuzi kama . Nk'igiti c'icegera n'icumurerabana vyakoreshwa mu kwina abana. Baratega impongo bakanazihiga. Mu bijanye n'ubuhinga bari bafise, bari bazi kujisha ibitebo ibitiba n'ibirago bakegeka imizinga. Iyo mwuga yari ibatunze kandi nta wagira umwuga umwe. Yabangikanya n'iyindi, maze ikaba magiriranire.

Ikigabane ca kane gica rya n'ino abasokuru rurangiranwa mu muryango dufatiye ku co bawumariye

There are no comments on this title.

to post a comment.
© 2019-2024 - Bibliothèque centrale |Tous droits réservés
home | Contact nous | tel : +25779204313