BIBLIOTHEQUES DE L'UNIVERSITE DU BURUNDI


Catalogue en Ligne des Bibliothèques de l'Universite du Burundi

Nibaruta, Marie Chantal

Ubuhinga bwo guterekera amasato mu Burundi bwa kera n'ababwitirirwa : Umwihwezo kuvyanditswe n'ivyatohojwe mu ma komine ya Bukirasazi na Mabayi / Marie Chantal Nibaruta; Dr. Elie sadiki, Directeur . - Bujumbura : Université du Burundi, faculté des letres et sciences humaines, départment de langues et littératures africaines, 2018 . - X-63 f. ; 30 cm.



RESUME,

Iki gikorwa cacu gishingiye ku buhinga bwo guterekera amasato mu Burundi bwo hambere.Uko guterekera amasato kwakorwa mu miryango y'abaganwa canke y'abatware canke mu miryango imwimwe yari yegereye ingoma y'abami.

Intumbero nyamukuru yatumye dukora iki cigwa ni uko urwaruka rw'ubu rukeneye kumenya imico yaranze ba sekuruza babo.Myinshi muri yo babo.Myinshi muri yo abatohoji badutanguriye barayivuzeko.Ariko rero rwasanze kubijanye no guterekera amasato bavuze bike.Ni muri iyo ntumbero natwe twagerageje kugira ico twokwongerako.
Mu kigabane ca mbere turavuga kw'ibanga ryo guterekera amasato.Aha turahera ku turere twabereyemwo amatohoza.Baravuga uko amasato yayo n'aho yaterekererwa.
Ikigabane ca kabiri kiravuga ku miziro ijanye no gutunga amasato.Aha turaca irya n'ino imiziro n'imigenzo ijanye no guterekera amasato.
Mu kigabane ca gatatu na ho tuvuga ku miryango yitirirwa guterekera amasato.Muri iyo miryango hari abahinga ari bo bitw aAbaheza bari bajejwe iro banga.Tumaze gusigura umuheza turavuga no kuyindi miryango yatekera amasato.
Igigabane ca kane ari na co canyuma ku kamaro k'amasato mu Burundi.Turahera ku kugene bayirondera,icatuma bayiterekera n'akamaro kayo ku bijanye n'ubuzima bwa muntu.
Turangiza iki gikorwa cacu duhamagarira abarundi guteza imbere iryo ragi rya ba sokuru kugira ritugirire akamaro mu kwinjiza amafaranga y'agaciro mu gihugu cacu maze ubutunzi bukiyongera.

Don de l'auteur

390.
© 2019-2024 - Bibliothèque centrale |Tous droits réservés
home | Contact nous | tel : +25779204313