Ukwimuka kw'abantu mu ntara kama y'ubugesera


Item type | Current location | Call number | Status | Date due | Barcode |
---|---|---|---|---|---|
![]() |
Bibliothèque Centrale | 301.185.NIY.U (Browse shelf) | Not For Loan | 5010000156213 |
Mémoire présenté et défendu publiquement en vue de l'obtention du grade de licencié en langues et littératures africaines.
Résumé,
Mu gitabu citwa "UKWIMUKA KW'ABANTU MU NTARA KAMA Y'UBUGESERA : UBUMWE N'UBUCUTI BW'ABASANGWA N'ABASHITSI : itohoza ryabereye ku mutumba wa Karambo, ikomine Bwambarangwe, intara ya Kirundo" twize imiryango y'Abanyaruguru . Aribo Bashitsi yimukiye ku mutumba wa karambo ivuye mu ntara kama y'Ubuyenzi n'iy'Umugamba wo ku Nkiko (mu makomine ya kabarore na Muruta). Bashitse kuri uwo mutumba, co kimwe no mu yindi mihingo y'Ubugesera bahasanze iyindi miryango myinshi y'abanyabweru, ari bo Basangwa. Abo Banyaruguru bimutse, bimukanye ivyo batunze vyose hamwe n'imico n'imigenzo kama yabo ; baca bakirwa n'abanyabweru na bo nyene bafise imico n'imigenzo kama yabo. Ni na co gituma mu kwunga ubumwe n'ubucuti baciye bahana iyo mico n'imigenzo kama ; ari yo y'iyi : inyambaro, guhana imbuto, ubuhinga bwo gutegura ibifungurwa, ubuhinga bwo kurima, gufuba umuntu, ibikoresho vyo kugemura, uguharika, ubuhinga bwo kwubaka inzu, ubuhinga bwo kuvura, ukwita amazina no kujana umugeni. Hari n'imico n'imigenzo umugwi umwumwé wisigarije ; ari yo y'iyi : ku Banyabweru, ku musi wo kumarira, abuzukuru barabamijira imbuto z'amoko menshi, bakarima bazifurira. Ku Banyaruguru, bagiye kwubakira, bagenda batwaye amarobe y'ubutsima bw'ibigori. Mu kuvuga ikirundi Abanyabweru bashira akatuzo kirasa ku majambo amwamwe ku ndadi ya nyuma, mu gihe Abanyaruguru bobo bagashira ku ndadi ikurikiwe n'iya nyuma.
There are no comments on this title.