Umuryango w'abenengwe b'inyagasasa, komine Mugamba n'ubucuti bunze n'iyindi miryango
Item type | Current location | Call number | Copy number | Status | Date due | Barcode |
---|---|---|---|---|---|---|
![]() |
Bibliothèque Centrale | R.321.111.NSA. (Browse shelf) | 1 | Not For Loan | 5010000320133 |
Browsing Bibliothèque Centrale shelves Close shelf browser
Mémoire présenté et soutenu publiquement en vue de l'obtention du grade académique de licence en langues et littératures Africaines
INCAMAKE,
Iki gikorwa kidondora umuryango w'Abenengwe b'i nyagasasa komine Mugamba, kahise n'amateka vyawo.
Iki gikorwa rero kigizwe n'ibigabane bine bitangurirwa n'intangamarara. Intangamarara ishikiriza insiguro nkikuro y'icigwa, ibibazo nyamukuru vyzwe muri iki gikorwa, ihangiro, akamaro k'iki cigwa, ubuhinga bw'itohoza hamwe n'ukudondora abatanze inkuru.
Ikigabane ca mbere cerekana akarere itohoza ryabereyemwo. Aho zone Nyagasaso itumbereye, imiryango iba muri zone Nyagasasa, imitumba n'uducimbiri usangako umuryango w'Abenengwe hamwe rero n'uburimyi n'ubworozi bwo muri iyo zone.
Ikigabane ca kabiri gisigura amamuko y'umuryango w'Abenegwe b'i Nyagasasa n'ituro ry'abo, Bose baje bava mu yindi mihingo, bakaba bashitse bahasanga iyindi miryango : Abashungura, Abanyarwanda, Abarembe, Abanyakarama, Abataha, Abahondogo, Abasura, Ababibano, Abasafu, Abahinda, Abashubi, Abarorere, Abahanza, Abahima, Abongera n'Abajiji. Abenengwe rero baje barondera amatongo yagutse yo kuragiramwo inka zabo, hamwe basabishijwe n'Abaganwa abandi bariguriye ayo matongo.
Ikigabane ca gatatu gisigura imico n'imigenzo y'abenegwe b'i Nyagasasa, ubucuti bunze n'iyindi miryango batuye hamwe. Abenengwe b'i Nyagasasa bari bafise ivyo bazira biharije vyerekeye abantu canke ibitungwa. nta mwenengwe yasaba umugeni mu barembe canke Abanyakarama kandi nta mwenengwe yatunga inka y'igitare.
Ikigabane ca kane ari na co ca nyuma cerekana uruhara rw'abenengwe mu Ngoma y'uburundi : amabanga n'amabango yabegukira, ba sekuruza rurangiranwa muri kahise ka kera n'aka vuba. Muri abo dusangamwo abatware, abakamyi n'abacamanza bari bakomakomeye i Bwami n'i Buganwa.
Uwo muryango wipfuza amahoro, urukundo mu bantu, abantu ntibasamazwe n'ivy'imigambwe canke amoko. Baripfuza kandi kumenyana n'abandi benengwe bari muyindi mihingo.
Mu gusozera turasaba Leta kudufata mu mugongo kugira ngo tubandanye dutohoza no ku yindi miryango iba mu burundi kuko biraboneka ko hari imiryango igifise ubumenyi, imico n'imigenzo myiza vyofasha igihugu c'uburundi gutera imbere.
There are no comments on this title.