CATALOGUE DES BIBLIOTHEQUES DE L'UNIVERSITE DU BURUNDI


Bienvenue au Catalogue en Ligne des Bibliothèques de l'Universite du Burundi

Umuryango w'ababibe bo mu Bukeye bwa banga Imico n'akaranga kawo; Itohoza ryabereye muri komine Bukeye mu ntara ya Muramvya

Published by : Université du burundi, Faculté des lettres et sciences humaines, département des langues et littérature Afrcaines (Bujumbura) Physical details: VIII-74 f. 30 cm. Year: 2018
Item type Current location Call number Copy number Status Date due Barcode
Memoire Memoire Bibliothèque Centrale
R.390.NDA.2018 (Browse shelf) 1 Not For Loan 5010000363833

Mémoire présenté et défendu publiquement en vue de l'obtention du grade de licencié en langues et littératures Africaines

Résumé,


Iki gikorwa kidondora umuryango w'ababibe bo mu Bukeye bwa Banga kikiga imico n'akaranga kawo. Kigizwe n'ibigabane bine bitangurirwa n'intangamarara. Intangamarara ishikiriza insiguro y'icigwa, ihangiro, ubuhinga bw'itohoza, ibikoresho twakoresheje mu kwegeranya inkuru hamwe no kudondora abatanze inkuru.

Ikigabane ca mbere cerekana akarere k'itohoza, imitumba igize ikomine ya Bukeye n'imitumba yagerereweko n'ababibe na yo ni Kivogero, Kiziguro, Gikonge, Kigereka, Rusha. Gahaga na Busangana.

Ikigabane ca kabiri gitohoza amamuko y'Ababibe bo mu Bukeye bwa Banga. Ababibe bo mu Bukeye bamuka mu ntara kama y'Umugamba mu makomine ya Kiganda, Mugongo-Manga. Mugamba na Gatara. Abahagerereye ubwa mbere bavuye i Kiganda, i Sunzwe, bakurikiwe n'abavuye i Jenda muri Mugongo-Manga, komine Mugamba na Gatara. Bakomoka ku musekuruza wabo yitwa Mbibe. Uwo na we akaba ari uwo mu nda y'ingoma.

Ikigabane ca gatatu kivuga imico n'imigenzo y'Ababibe bo mu Bukeye bwa Banga n'ivyo bazira vyerekeye abantu n'ibitungwa. Nta Mubibe yasaba umugeni mu miryango y'Abahima canke Abatwa ngo kubera batereranira. Kandi ngo nta Mubibe yatunga ingurube kubera bahonyoye mu mase yayo baca bagwara ibicagaguzi, nta n'inka y'igitare canke y'akanyomvyi batunga kuko yahengera ifise amezi igaca itumba.

Ikigabane ca kane ari na co ca nyuma dusangamwo uruhara rw'ababibe mu kwubaka igihugu c'uburundi. Ababibe rurangiranwa, amabanga n'amabango yabegukira hamwe n'ivyifuzo vyoba. Mu mabanga y'ababibe dusangamwo abakamyi n'abungere b'inyambo z'umwami abiyeretsi, ingabo, abandi na bo bahagarikira Abami mu kwima. Mu Babibe rurangiranwa no bo akarorero ni Semukata yahagarikiye Umwami Mwambutsa Bangiricenge yima mu 1915.

Mu gusozera turatumira Abarundi bose babishoboye guteza imbere ururimi rw'ikirundi hamwe n'itohoza ry'imiryango. Harakenewe kandi icigwa co gutohoza akahise k'Ababibe bo mu Burundi bwose.

There are no comments on this title.

to post a comment.
© 2019-2024 - Bibliothèques de l'Université du Burundi |Tous droits réservés
home | Contact nous | tel : +25779204313