BIBLIOTHEQUES DE L'UNIVERSITE DU BURUNDI


Catalogue en Ligne des Bibliothèques de l'Universite du Burundi

Mémoire présenté et défendu publiquement en vue de l'obtention du grade de Licenciée en Langues et Littératures Africaines

Résumé,

Iki gikorwa citwa "Umugambi wa kazinduzi y'amazina y'uruharo yerekeye ingoma y'uburundi : kuva mu kinjana ca XV gushika mu ntango y'ikinjana ca XX (# 1400-1920) " gisigura amazina y'uruharo makurumakuru yerekeye ingoma y'uburundi yatororokanijwe mu bitabu vyanditswe n'abatohoji banditse ku kahise k'Uburundi bw'imbere y'abazungu (MWOROHA E. 1987, BAHENDUZI M. 1991, VANSINA J. 1972, NDORICIMPA L. et GUILLET C. 1984, n'abandi).

ibigabane nyamukuru ni ibi : intangamarara, kazinduzi y'amazina y'uruharo n'ubuhinga bwo kuyandika : Inzego z'igihugu n'amazina y'uruharo ; Uruhara rw'amazina y'uruharo mu kumenyesha akahise ; kazinduzi nyezina y'amazina y'uruharo yo mu Burundi bwo ku ngoma y'abami.
Muri kazindizi nyezina, harimwo imigwi itandukanye y'amazina y'uruharo :

- Amazina y'abantu :
- ay'abami : Ntare Rushatsi, Mwezi Gisabo, Mutaga Mbikije, Mwambutsa Bangiricenge n'abandi ;

Ay'abaganwa ndivyariye, Rwasha, Birori, Ntarugera n'abandi;.....

- Amazina y'amabanga arangurwa n'abantu : Muka Karyenda, Inabataramuka, Muka Kiranga, Ntare y'i Nkoma n'abandi ;

- Amazina y'imihingo n'intara ; Nkoma, Bukeye, Ubututsi, Banga, Kirundo, Ubuyogoma, Gishora, Higiro n'abandi ;

- Amazina y'amoko n'imiryango : Abahutu, Abatutsi, Abatwa, Abanyakarama, Abahanza, Abanyange n'ayandi ;

- Amazina y'ibimazi n'ibiterekerwa : Karyenda (ingoma), Semasaka (Ingabe), Muhabura (ingabé) n'ayandi.

Amazina y'uruharo rero ni isoko ntangere yo kumenya akahise k'uburundi kuko ni yo amenyesha ahantu, ikintu canke umuntu yagize uruhara runini mu kwubaka igihugu. Nk'akarorero, umwami NTARE Rugamba ni we yahaye imbibe igihugu c'Uburundi, ni we yarwanye kugira ngo igihugu kironke intara gifise ubu. Amazina amwamwe nayo asigura inkomoko y'ahantu; nk'intara ya Ryansoro (i Gitega) ngo bayise ukwo kubera yatwarwa n'umwami yitwa Nsoro.

There are no comments on this title.

to post a comment.
© 2019-2024 - Bibliothèque centrale |Tous droits réservés
home | Contact nous | tel : +25779204313