CATALOGUE DES BIBLIOTHEQUES DE L'UNIVERSITE DU BURUNDI


Bienvenue au Catalogue en Ligne des Bibliothèques de l'Universite du Burundi

Imiryango y'abarundi yagereye mu ntara y'i bwami

Additional authors: dir. -- Bukuru, Denis
Published by : Université du Burundi, Faculté des Lettres et Sciences Humaines, département des langues et littératures Africaines (Bujumbura) Physical details: X-116 f. 30 cm.
Subject(s): Imiryango -- Burundi | Clan -- Burundi | Mémoire
Year: 2015

Iki gikorwa cerekeye intara y'i bwami n'imiryango yayigerereyemwo kigizwe n'ibigabane bine bikurikira.

UBWA 1 : INTANGAMARARA : Muri iki kigabane tudondora i bwami aho ari ho twisunze ivyibare bitatu : Rushemeza, Ndava na Rubanga n'aho ivyibare vyo mu Rushemeza ku Ndava n'i Rubanga vyari biherereye. Intara y' i bwami yangana n'intara yose y'ubu ya Muramvya n'igce c'intara ya Mwaro kigizwe n'amakomine ya Ndava, Rusaka na Kayokwe, hamwe n'ubumanuko bw'intara ya Kayanza mu makomine ya Matongo na Rango. Ivyibare vy'umwami vyo mu Rushemeza ku ndava n'i Rubanga biri muri Komine Ndava y'ubu ku misozi 11 ari yo : Gatsinga, Fota, Rango, Kabogi, Murago, Ngorore, Gahondo, Higiro, Kigarama Bugera na ndava.

UBWA 2 : ICIBARE MU BURUNDI BWA KERA : Mu muryango icibare ni umurima wo mw'itongo wegukira umuntu umwe wo mu rugo (umwana canke senaka) kugira akuremwo ivyo yikenuza bitaraba umuryango. Mu ntwaro ya cami naho, icibare yari amatongo umwami canke umuganwa yibagira bwite akavamwo ibimutunga.

UBWA 3 : IMIRYANGO Y'ABARUNDI YAGEREREYE MU NTARA Y' i BWAMI, MU VYIBARE VYO MU RUSHEMEZA, KU NDAVA N'I RUBANGA : Ku misozi 11 twagizemwo itohoza, twasanze hari imiryango 61 iri mu matongo 359. Iyo miryango iri mu bwoko bwose bw'Abarundi uko ari butanu : Abahutu, Abatutsi, Abahima, Abaganwa n'abatwa. Muri iyo miryngo 61 usanga Abatutsi bafisemwo 21, Abahutu 19, Abahima 17, Abaganwa 2, n'iy'Abatwa2.

UBWA 4 : AMATEKA Y'IMIRYANGO IMWIMWE YAGEREREYE MU NTARA Y'I BWAMI. MU VYIBARE VYO MU RUSHEMEZA, KU NDAVA N'I RUBANGA : Iyo miryango twasanze ifise imigenzo igenderako, imwe igasangirwa n'imiryango myinshi iyindi ikiharizwa n'imiryango imwemwe. Bisubiye, imiryango nka yose yo ntara y' i bwami yari ifise ibimazi vyayifasha mu kubaho. Bitayeko kandi muri iyo miryango hari iyari ijejwe amabanga ku ngoma y'ubwami. Nk'akarorero, umuryango w'Abahirwa batanga inkuka y'umuntu uko umwami mushasha yimye. Abashubi bavamwo Umwamikazi w'Isato, Abacondori baragira ingabe Muhabura. Abajiji bavamwo abapfumu b'umwami, Abagara n'abasigi bari abapfumu b'umuganuro, Abavejuru bavamwo umuterekezi w'inkuba ytwa Inabataramuka, Abahondogo n'Abanyakarama batanga abamikazi bakavamwo abagabekazi.

There are no comments on this title.

to post a comment.
© 2019-2025 - Bibliothèques de l'Université du Burundi |Tous droits réservés
home | Contact nous | tel : +25779204313