Umugambi wa kazinduzi k'amajambo yerekeye ivyambarwa n'inyambaro mu Burundi : Itohoza ryagiriwe mu gisagara ca bujumbura
/ par Jacqueline Ndayisaba; Denis Bukuru, Directeur
. - Bujumbura : Université du Burundi, Faculté des lettres et sciences humaines, département de langues et littératures africaines, 2012
. - Vii-108 f. : ill. ; 30 cm.
Résumé,
iki gikorwa c'itohoza ni umugambi wa kazinduzi k'amajambo yerekeye ivyambarwa n'inyambaro mu burundi. Iyo nayo ikaba igizwe n'ibigabane bitatu (3)
Ikigabane ca mbere kivuga ingene itohoza ryagenze. Tuvuga akarere k'itohoza hamwe n'ubuhinga bw'itohoza. Itohoza ryabereye mu gisagara ca Bujumbura ku bantu bava mu mihingo itandukanye, ubuhinga twakoresheje mu kuronka inkuru ni ukubaza abantu (abatanzi b'inkuru), kwisunga ivyanditswe mu bitabu, no gufata amasanamu. Hari n'ayandi masanamu twakuye mu bitabu kwa hans MEYER (1916). J.B. NTAHOKAJA (1978), na J. GAHAMA (1983.
Ikigabane ca kabiri gishikiriza ivyiyumviro nyamukurur vy'indimburo ifasha gusoma iyi kazinduzi. Ahanini ni indimburo y'izina n'irivuga. Turerekana ubwoko bw'amazina (izina ry'akame n'izina ry'inkomoko, izina ry'ikinege n'izina ry'urunani). Irivuga na ryo twerekanye inyubako yaryo n'ingingo zirigize.